Sanctuaire du Sacré Cœur de Jésus dans la paroisse Muyaga
©Muyaga/Buruhukiro
Kuva kw'igenekerezo rya 8 gushika 10 Ruhuhuma uyu mwaka w'2023, muri Diyoseze ya Ruyigi ku Kirimba citiriwe Umushaha Mweranda wa Yezu i Muyaga, hariko habera inama ihuza abayobozi b'ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu ma Diyoseze yose agize Ekleziya y'Uburundi hamwe n'abanyamabanga Ku rwego rw'igihugu no mu madiyoseze b'igikorwa ca Papa co gukwiza hose Inkuru Nziza citiriwe Petero Mweranda Umutumwa.
Iyo nama yuguruwe n'umuyobozi Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi, Nyakubahwa Patiri Salvator NGENDABANYIKWA.Muri iyo nama bariko bihweza ingene botunganya ubutumwa bw'ukwezi kw'indwi n'ukw'umunani, amezi yahariwe ukuremesha itorwa biciye ku gikorwa ca Papa citiriwe Petero Mweranda Umutumwa.
Inyigisho yuguruye iyo nama yatanzwe na Patiri Zéphyrin NTUKAMAZINA, umwigisha mw'iseminari nkuru y'i Bujumbura. Iyo nyigisho yari yerekeye kahise k'ingene Inkuru Nziza yashitse mu Burundi, ivyamwa vy'iyo Nkuru Nziza hamwe n'intambamyi. Ibikorwa vy'iyo nama bizosozerwa n'urugendo rweranda rw'indemesha z'imikangara y'Imana baserukira abandi mu madiyoseze yose y'Ekleziya y'Uburundi ngaho nyene i Muyaga, hazoba ari ku wa gatanu igenekerezo rya 10/2/2023.
Mubandanye musabira ibikorwa vy'iyo nama kugira ngo izogende neza kandi ibizoyivamwo bibe ibiteza imbere Ekleziya y'Uburundi.